Laetitia Jantzen Ndayishimiye NGO NTA KIRIRIMBA INDIRIMBO ZISI ARIKO ARIRIMBA INDIRIMBO Z’IMANA GUSA

246566_567290013289076_603187700_n

Nkuko biri mu migenzo ya GLM yo kurondera abaririmvyi ba barundi baba abari ngaha iwacu canke abari mu makungu, ubuherutse twarondeye umuririmvyi kazi wa kera cane ariwe Laetitia Jantzen Ndayishimiye tubicishije ku buhinga bwa none.

560442_552715088079902_298408621_n

Twabanje ku mubaza iyo aherereye kuko agize igihe atari ngaha iwacu, yatubwiye ko ubu ari kumwe numushingantahe wiwe mu gihugu cu buhollande, aho uno musi yaronkeye aheruka kubona izuba no guhema impwemu z’abazima afise amezi 4 gusa nawe yitwa Mugisha Fedor Jantzen.umuntu yokwibaza nimba uwo mukuru yavukiye hehe, ntitwatevye twaramubajije, atubwira ko uyo wewe ari umurundi  ariko uwomufasha wiwe w’umuzungu yaciye amuha izina ryiwe nawe aba umwana mu bandi.

180369_188926694458745_6527901_n

nkuko yabandanije abitumenyesha ngo kubera yari yinjiye mu bibazo vy’imiryango yahisemwo guhagarika kuririmba gatoya kuko imigere ibiri idatereka, aho ni mu gihe yaheruka gusohora indirimbo hamwe n’abaririmvyi ba babrundi  yakoze kubera ubugeni bwiwe. ariko ngo kuko hari ico yasavye Imana ikagikora kandi nawe yari yarayisezeraniye ko niyagikora nawe azoyikorera ngo yaciye afata ingigno yo kuririmba indirimbo z’IMANA. akaba ategany akuza mu burundi muri uno mwaka naho atarazi neza igihe azozira, akaba yemeye kuzotumenyesha igihe azoza, aho naho ngo si kure ni muri uno mwaka nyebe.

Recent Posts