Abagumyabanga bati: mugiteramo ca Burundi Night i Kigali ntituzomaramaza u Burundi

Umurwi w’intambo z’ikirundi w’Abagumyabanga nawo waratumiwe kwitabira igiteramo co kwerekana umuco n’akaranga vy’Uburundi kizobera mu Rwanda, uyu murwi umenyesha ko witeguriye neza iki giteramo kuburyo abitabiriye uwo musi mukuru bazohimbarwa.abagumyabanga bur

Umwe mubarongoye uyu murwi aganira n’indundi.com  yagize ati: Tukibona baduhamagariye kwitabira iki giteramo twararyohewe cane kuko aba ari akanya keza ko kwerekana aho tugeze mubikorwa vyacu  tutibagiye na cane kumenyekanisha umuco w’igihugu cacu c’Uburundi.

banga

Yabandanije agira ati: Twemeye guhagarika ibindi bikorwa vyose mbere n’ingendo twari dufise kugira twitegurire iki giteramo neza tuze twerekane ivyiza bishoboka. Kandi tuziko I Kigali tuhafise abakunzi benshi, tukaba tugomba kubereka ivyiza gushika kurugero rwiza rushoboka.

Ibikorwa vy’iki giteramo bikaba bigeze kure aho abantu benshi bavyiteguriye cane kukaba nk’ako bamwe bari bavuze ko umuririmvyi Big Fizzo nibamubona ariho bazoshirwa ko ibi bintu bifise inguvu. Ubu uyu muririmvyi akaba yaraye ageze mu Rwanda aho ubu yatanguye gukora ibiganiro kunsamirizi zaho.

Tubibutse ko uyu murwi w’Abagumyabanga uzoba uri kumwe n‘abandi baririmvyi b’abarundi nka General Big Fizzo,umurwi w’abavuzi b’ingoma,umuririmvyi Alida Baranyizigiye    n’abandi benshi baherekejwe na wa mu Dj w’umuhinga azwi kw’izina rya Dj Bisoso akaba ari kuwa gatanu w’igenekerezo 1/Munyonyo/2013.

 

Recent Posts